Arusha:Reta y’Uburundi ntiyarungitse abayiserukira mu biganiro

0

Reta y’Uburundi imenyesha ko itarungitse abayiserukira mu biganiro bihuza abarundi bitegekanijwe gutangura I Arusha kuri uno wa kane igenekerezo rya 16 Ruhuhuma ,umwaka wa 2017.

Mw’itangazo ryashikirijwe n’umuvugizi akaba n’umunyamabanga wa Reta Filipo NZOBONARIBA, Reta imenyesha ko inegura urutonde rw’abatumiwe,ikanegura kandi uko ibiganiro vyatunganijwe ,hamwe n’ibizokwihwezwa.

Muri iryo tangazo, umuvugizi akaba n’umunyamabanga wa Reta amenyesha ko kubera abatumiwe harimwo abatunganije imyiyerekano yabaye mu mwaka wa 2015,ivyo bishobora gutuma haba impari muri ivyo biganiro.

Filipo NZOBONARIBA avuga ko uko umufasha w’umuhuza Benjamin Mkapa yatumiye abaja mu biganiro,biteye kubiri n’ubwigenge bw’Uburundi n’ukwishira n’ukwizana kw’abarundi,kuko harimwo abaronderwa n’ubutungane bw’Uburundi.

Mu kurangiza iryo tangazo, Filipo NZOBONARIBA amenyesha ko Reta y’Uburundi ishima intambwe ibiganiro bigezeko,kandi ibishigikiye,ariko akavuga ko Reta yipfuza ko ibiganiro bibera hanze vyotahukanwa mu Burundi.