Armel NIYONGERE yemerewe gukorana n’abashingwamanza b’i Bruxelles

0

Umushingwamanza w’umurundi Armel NIYONGERE yemerewe n’urwego rw’abashingwamanza bakorera ku murwa mukuru w’ Ububirigi gukorana narwo.

Abicishije ku rubuga rwiwe rwa Twitter, Armel NIYONGERE yamenyesheje kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 17 Ruhuhuma,umwaka wa 2017 ko urwego rw’abashingwamanza b’i Bruxelles mu Bubiligi rwemeye ko akorana nabo.

Umushingwamanza Armel NIYONGERE akavuga ko kuba yemerewe gukorana n’urwo rwego rw’abashingwamanza mu gihugu c’Ububiligi,ari akaryo keza ko kubandanya gufasha abakorerwa amabi mu kubavugira.

Umushingwamanza Armel NIYONGERE ari mu bashingwamanza batatu bahagaritswe na Sentare isubiramwo imanza y’i Bujumbura.