ARCT Yahagaritse Ivyo Kugurira Amatelefone Mu Mabarabara.

0

“Ukugura amatelefone gukwiye kuza kurabera mu magasins azwi kandi atanga ama factures kugira harindwe ko hatoza haragurwa amatelefone yibwe”, niko Emmanuel Misago yabwiye Agence burundaise de Presse ( ABP) ku musi wa kane, akaba ajejwe kumenyesha amakuru muri ARCT( Agence de la Régulation et de Controle des Télécommunications).

Mu ntumbero yo kwirinda ubusuma bw’amatelefone ngendanwa, ARCT yarakoze inama n’abacuruza amatelefone hamwe n’igipolisi kugira habe umwumvikano wuko ubusuma bwamatelefone ngendanwa bwotuzwa maze abaguzi bagakingirwa hamwe no gutorwa amatelefone azoba yibwe.

Emmanuel Misago abandanya amenyesha ko amatelefones yose yibwe yandikwa ahama agashirwa kuri site internet ya ARCT. Abandanya amenyesha ko uwibwe wese telephone yoca abibwira igipolisi kugira gitunganye ivyuko haba ugukorana na ARCT mu kurondeza. Uwibwe itelefone ashobora kuja ku muhora wiwe wa telefone yahora akoresha kugira habe ayandi matohoza yiyongereye.

Ku kibazo c’amakuru atera ubwoba abantu agize imisi atembera ku mihora ngurukana bumenyi yuko Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu bwumviriza amatelefone y’abantu, Emmanuel Misago arabihakana akamenyesha ko ivyo bisaba guca umuhora wa internet mu gihugu, ibitariko birakorwa.

Emmanuel Misago yamenyesheje kandi ko bikenewe hazoshirwaho isuzumwa ry’uko amakuru aca ku mihora ngurukana bumenyi kugira haze haratangwa amakuru adaca ivutu, ubu ritariko rirakora, ariko ko rizobaho, ariko ko abanyagihugu bazobimenyeshwa.