Arakaza Mac Arthur yashize ahabona umukunzi wiwe.

0

Umunyegori w’umugwi nserukira gihugu w’uburundi Intamba mu rugamba n’umigwi wa Vitalo’o fc ariwe Arakaza Mac Arthur yashize ahabona umukunzi wiwe nyuma yaho hari hamaze iminsi havugwa amajambo atandukanye, aho bavuga ko uyo munyegori yoba afise abakunzi benshi ariko rero uyo mukinyi wa vitalo’o fc akaba yeretse abantu ko ivyo bavmuvugako atarivyo.
arthur n'umukunzi wiwe
Arakaza Mac Arthur akaba yashize ahabona i foto arikumwe n’umukunzi wiwe bariko barasomana,i foto iriko iratera uruhagarara rwinshi cane ku bakunzi buyo mukinyi aho babandanya bayivugako amajambo atandukanye.
arthur n'umukunzi wiwe bicaye arthur n'umukunzi wiwe bari ku muduga
Tworangiza tubamenyesha ko Arakaza Mac Arthur ariwe munyegori akundwa cane hano mu gihugu c’uburundi kubera ubukerebutsi n’ubwira afise iyo ari mu kibuga.