ARAKAZA MAC ARTHUR ARASHIMISHWA N’INGENE UMUGWI NSERUKIRA GIHUGU WIFASHE UBU

0

Umunyegori w’umugwi nserukira gihugu w’uburundi INTAMBA MU RUGAMBA ariwe ARAKAZA Mac Arthur ngo arashimishwa n’ingene umugwi nserukira gihugu w’uburundi umeze muri kino gihe,ivyo akaba yabivugiye mu kiganiro umumenyereza w’umugwi nserukira gihugu w’uburundi INTAMBA MU RUGAMBA yaraye ahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru kuri Centre National Technique.
arthur coach
ARAKAZA Mac Arthur akaba yongeye aravugako murikino gihe umukinyi w’INTAMBA MU RUGAMBA abayeho neza atari co kimwe nka kera,akaba yabandanije avugako ubu n’agashirukabute ari keza buhoro buhoro atari co kimwe nka kera.
arthur n
Tworangiza tubamenyeshako uyo munyegori ARAKAZA Mac Arthur yarangije atera akamo abakunzi b’umupira w’amaguru ko bosidukana niyonka kuza gushigira umugwi nserukira gihugu w’uburundi INTAMBA MU RUGAMBA kuruyu wa kabiri aho bazoba baramutse bakina n’umugwi wa SYCHELLES.