ARAKAZA Mac Arthur arashimira abavyeyi biwe.

0

Umunyegori w’umugwi nserukira gihugu w’uburundi INTAMBA MU RUGAMBA ARAKAZA Mac Arthur arashimira abavyeyi biwe kukungene babandanya kumushigikira mu mwuga wiwe wo gukina umupira.

arthur

Mac Arthur aganira n’ikinyamakuru canyu ubmnews.com akaba yamenyesheje ko ashimira cane abavyeyi biwe,Arthur akavugako abavyeyi biwe bamufasha cane mu kumushigikira kugira abandanye atera imbere mu mwuga wiwe,Arthur akavugako ngo nubwo abavyeyi biwe bama bashaka ko yiga gusa ubu baratahurako umuntu ashobora kubeshwaho n’ingabirano yiwe,Mac Arthur agashimira cane abavyeyi biwe akanabasaba kubandanya bamushigikira.

arthur3

Twobamenyeshako Arakaza Mac Arthur ubu ari mu mugwi nserukira w’uburundi aho ariko aritegurira urukino ruzobahuza na SYCHELLES.