APRODH: Abafashwe mu gitero kw’ikambi y’abasirikare i Muyinga barahohotewe

0

Umukuru w’ishirahamwe ryishinze gukingira agateka ka zina muntu nako abapfunzwe APRODH arabeshuza ivyashikirijwe n’umushikiranganji w’ubutungane, aho yavuze ko abasirikare bafashwe inyuma y’igitero cabaye kw’ikambi y’abasirikare mu ntara ya Muyinga batahohotewe.

Pierre Claver MBONIMPA amenyesha ko mw’ishirahamwe arongoye bafise ivyemezo vyose vyemeza ko abasirikare bafashwe kw’igenekerezo rya 7 Ruhuma umwaka wa 2017inyuma y’igitero bahohotewe.

Tubibutseko abafashwe bagirizwa kugira igitero kw’ikambi y’abasirikare yo ku Mukoni mu ntara ya Muyinga, bamwe baciriwe gupfungwa imyaka 30, benshi muri abo ni abasirikare bafashwe bahora bakorera mu makambi atandukanye.

Mu gisirikare c’Uburundi babicishije ku muvugizi Colonel Gaspard BARATUZA bavuze ko ata gitero cakozwe kw’ikambi, ariko ko wari umurwi w’abasuma bakresha inkoho wariko ugerageza kwiba muri ako gace.