Anschaire NIKOYAGIZE: Abarundi babandanya bicwa ataco bazira, vyose bizobazwa abarongozi bari muri Leta

0

Anschaire NIKOYAGIZE Aserukira ligue ITEKA avugako abantu bamaz’iminsi bapfa kwar’Abarundi, ngo birateye agahinda kumva umu FNL, canke umu MSD, canke CNDD-FDD canke uwuri murundi rwego rutavuga rumwe na Reta kumva yapfuye ukamengo ntakintu cabaye kandi aba arumurundi apfuye , kuriwe ngo birateye isoni.

0

Ishirahamwe riharanira agateka kazina muntu “LIGUE ITEKA” rirababazwa rero n’ubu bwicanyi bumaze iminsi buba, ngo kuva aho havugiye ko Petero NKURUNZIZA azotwitoza gushika n’ubu abantu bakibandanya bicwa atacamira, ngo ntaho vyakabaye kubona umuntu uwariwe wese apfuye ukamengo ntakintu cigeze kiba, arangiza avugako ibi vyose bizobazwa abitwa kwari abarongozi bahari.

.