Annick Kabatesi abandanya atera imbere mu mwuga wiwe

0

Annick Kabatesi n’umwigeme w’umurundikazi afise ingabirano idasanzwe cane,yavukiye mu ntara ya Muyinga mu mwaka w’i 1983,asanzwe akora impuzu z’ibiti mw’ihinguriro ryiwe yise Murundikazi Fashion.

Mu kiganiro uyo mwigeme yagiranye n’ikinyamakuru canyu ubmnews.com,tukaba twaramubajije ibibazo vyinshi,ibibazo umuntu wese yipfuza kumenya kubijanye n’ingene bakora izo mpuzu z’ibiti
fashion
Twaramubajije ingene iciyumviro caje co gukora impuzu z’ibiti?
Annick Kabatesi akaba yatubwiye ati: Iciyumviro caje nd’umwana muto cane mu gitabo Dusome mu mwaka wa gatanu, ku murongo wa 35,ndibuka hariho igisomwa cavuga kubijanye n’impuzu z’ibiti,naratangaye,nabona abasokuru bacu bariyumvira kure.
nkuze,nararondeye kumenya ingene bakora kugira bakore impuzu z’ibiti.

fashion 2

Kuberiki izina Murundikazi Fashion?
Navukiye mu ntara ya muyinga,intara ihana urubibe n,urwanda,abantu bamfata nk’umunyarwandakazi kubera izina ryanje kabatesi.

Murundikazi Fashion naryiyise kugira abantu babone ko nd’umurundikazi bareke kuza baribesha bavuga ko ndi umunyarwandakazi.

Igiciro c’impuzu ugurisha corohereza bose?

Akarorero,costume ikozwe mu mpuzu y’igiti ndayigurisha ibihumbi amajana atatu y’amarundi,inkofero ibihumbi mirongo itanu,ishakoshi ibihumbi mirongo irindwi.kuri jewe n’igiciro ciza cane uravye uburyo mba nakoresheje.

fashion 4

Nibande bagushorera?

Abanyamahanga,abarundi,abaririmvyi barakunda kuzambara mu biteramo vyabo.

Nararonse isoko mu bushikirangaji bw’inkino n’imicokama igihe hatwara umushikirangaji Adolphe Rukenkanya aho bashoreye abantu bakora muri ubwo bushikirangaji.

fashion 5

Kugira utangure Murundikazi Fashion hari abagufashije?

Narifashije jenyene.uwahoze ari umushikirangaji Adolphe Rukenkanya yaranshigikiye cane.
fashion 6
Uramaze kwitabira amarushanwa?

Ndamaze kwitabira amarushanwa atandukanye hano mu burundi ,mu rwanda no muri kenya
fashion 7
Iyo abantu bakubonye mw’ibarabara wambaye impuzu z’ibiti bavuga iki?

Barankurikiza amaso,baratangara kubona umuntu yambaye impuzu y’igiti.ivyo birabatangaza bigatuma bamnbaza ibibazo vyinshi.
Tworangiza tubamnyeshako Annick Kabatesi asanzwe ari umunyeshure muri kaminuza y’amahoro n’ugusubiza hamwe mu gisata ca Science et communication