Ikibi covurwa,iciza kikavurwa Angeline Ndayishimiye atanguje ishure ry’akarorero mu Burundi”socle du savoir”.iki gikorwa ni ciza cane kuko ushaka ko igihugu gitera imbere ukomeza Éducation mu gihugu.
Kubavuga ko ari amafranga yasahuye igihugu,uwasahuye akajana imitahe hanze,akuzuza ama banki yo hanze n’uwivye akubaka ishure rutura mu gihugu wotora nde?

Ni ku musi W’ejo igenekerezo rya 22 nyakanga 2025 aho prezida Evariste Ndayishimiye yaraye yuguruye ishure ry’akarorero Socle du savoir’umushinge w’ubumenyi’ ryubatswe mu gihinga ku mutumba wa matongo muri komine nyabihanga mu ntara nshasha ya Gitega.iri shure rero rikaba ryubatswe na Fondation Bonne action umugiraneza rironhowe na Angeline Ndayishimiye umutambukanyi wa Prezida Ndayishimiye.
Prezida Ndayishimiye akaba yateye akamo abarwizatunga gushira imitahe yabo mu kubaka amashure y’uburaro.
Ibirori bikaba rero vyatangujwe no kugendera inyubakwa z’iryo shure, aho Umukuru w’igihugu yagendeye amasomero yaryo, aho bakorera ubushakashatsi bita laboratoire, uburaro bw’abanyeshure, inzu y’uburiro, aho basomera ibitabu, ndetse n’aho bigira ubuhinga bwa none.
Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yamenyesheje ko ashima ibikorwa biriko birangurwa na “Fondation Bonne_Action_Umugiraneza” mu guterera mu gisata c’indero, ngo kuko iryo shure rije gushira mu ngiro ya Mbonakazoza y’Uburundi, igihugu cifashe muri 2040 kandi giteye imbere muri 2060.
Umukuru w’igihugu yaciye amenyesha ko iyo umwana yiga kw’ishure ryiza n’ubumenyi bwiyongera, ngo ni co gituma yaciye atera akamo abagwizatunga gushira imitahe yabo mu kwubaka amashure y’uburaro mu ntumbero yo kunagura indero y’akanovera. Umukuru w’igihugui yanahamagariye abavyeyi gusubira kwitaho abana mu kubaha indero yo ku ziko, ngo kuko indero abana baronka kw’ishure ijanye n’ubuhinga. Ngo hariho abavyeyi bamwe bamwe batacitaho indero y’abana kandi umuzirikanyi w’umwana ukaburwa n’indero yo ku ziko.
Umutambukanyi w’Umukuru w’igihugu, Angéline Ndayishimiye, na we yamenyesheje ko iciyumviro co kwubaka iryo shure cavuye ku mutima w’impuhwe wo kugira ntihagire umwana n’umwe wo mu Burundi areka kwiga kubera ari ntahonikora, canke kubera agendana ubumuga bunaka. Umutambukanyi W’Umukuru w’igihugu yaciye amenyesha ko kuri iryo shure hazoshirwaho amashure y’intango n’ayo kwimenyereza (Maternelle), mbere no gushika ku mashure ya Kaminuza, kugira abana bakure bafise ubumenyi bwiza.
Ikibi covurwa,iciza kikavurwa Angeline Ndayishimiye atanguje ishure ry’akarorero mu Burundi”socle du savoir”.iki gikorwa ni ciza cane kuko ushaka ko igihugu gitera imbere ukomeza Éducation.
Kubavuga ko ari amafranga yasahuye igihugu,uwasahuye akajana imitahe hanze,akuzuza ama banki yo hanze n’uwivye akubaka ishure rutura mu gihugu wotora nde?





Recent Comments