Amnesty International na ONU: Agateka Ka Zina Muntu Karabangamiwe Mw’isi.

0

Zeid Ra’ad al-Hussein,Umutegetsis mukuru ajejwe agateka ka zina muntu mw’ishirahamwe mpuzanakungu, ONU, yaragabishije kw’amahoro n’umutekano kw’isi bifatiye ku burenganzira ngenderwako bw’ikiremwa muntu bigeramiwe n’abanyapolitike bashira imbere inyungu zabo gusa.

Ra’ad al-Hussein, yabwiye abaserukiye abandi bari mu nama y’urwego rw’ishirahamwe ONU rujejwe agateka ka zina muntu ko vyinshi mu vyashitsweko ku vyerekeye gustimbataza umutekano kw’isi kuva ingwano ya kabiri y’isi yose irangiye bigeramiwe n’abanyepolitike babwira abanyagihugu ivyo bashaka kwumva mu kubanyegeza ukuri.

Umukuru wa Turkiya, Recep Tayyip Erdogan

Ivyo biri uko mu gihe Iceregeranyo giheruka gusohorwa n’Ishirahamwe Amnesty International casize ahabona ko abakuru bibihugu bane babangamiye ukumerwa neza kwa kiremwa muntu.

Abo bakuru b’ibihugu ni Donald Trump atwara Leta Zunze Ubumwe Za Amerika, umukru w’igihugu ca Turkiya Recep Tayyip Erdogan, umukuru w’igihugu ca Philippines Rodrigo Duterte hamwe n’Umushikiranganji wa mbere w’gihugu ca Hongrie Viktor Orban.

Umukuru wa Phillipines, Rodrigo Duterte

Nk’uko Amnesty International ibivuga, abo bategetsi bose uko ari bane bakaba bagirizwa guhungabanya agateka ka zina muntu mu mvugo zabo zibabaza abanyagihugu zongera zitateza urubwa nk’aho umenga ntaco bamaze.

Umushiranganji wa Mbere wa Hongrie, Viktor Orban

Zeid Ra’ad al Hussein, avuga kw’amahoro arama mu bice bitari bike vyo kw’isi n’iterambere ryo mu kiringo c’imyaka mirongo irindwi irangiye bitegerezwa gufatira kw’iyubahirizwa ry’uburenganzira ngenderwako bw’ikiremwa muntu nkuko biri mu masezerano y’ishirahamwe O-N-U n’amasezeranso mpuzamakungu ku bijanye n’agateka ka muntu.

Umutegetsis mukuru w’ishirahamwe ONU ku bijanye n’agateka ka muntu, aragabsiha kw’amakungu ashobora gutakaza vyinshi mu kwumviriza abanyepolitike bahonyanga agateka ka muntu canke bagabisha kuva mu masezerano n’amashirahamwe mpuzamakungu vyubahiriza agateka ka muntu.