Amezi 9 ararumanye ingabo za Barundi ziri ISOMALIA zirenga 2700 zidahembwa.

0

Amakuru aguma avugwa itariki 30/9/2015 kandi yemezwa n’ingabo z’Uburundi ziri mu gihugu ca Somalia, kuva mu kwezi kwa nzero umwaka wi 2015 ( gushika uyu munsi n’iyi saha ) nta musirikare w’umurundi ari muri ico gihugu araronswa agashahara kiwe .

b3

0b

Nk’uko ayo makuru abandanya abivuga, ingabo z’ibindi bihugu nka Ouganda na Kenya ntizisiba kuronswa agashahara kazo mu gihe izu Burundi zitanga amaraso yazo n’ubuzima bwazo ku buntu ariko zo zitaronswa utwabo .

t1

Mu gihe ico kibazo c’imishahara y’ingabo ziri muri Somalie cabaye ndanse aho uku kwezi kugize ukugira 9 bakora ku buntu , amakuru adushikira aremeza ko amahera ishirahamwe mpuzamakungu ONU riyatanga uko ukwezi gutashe ariko Petero NKURUNZIZA akayakoresha ivyiwe, aha NKURUNZIZA akaba aherutse kuyaguramwo indege yiwe y’agakura ubu ibarizwa mu gihugu ca Afrika y’epfo .

b1

Nk’uko ayo makuru abandanya avyemeza , iyo ndege yaguzwe muri iyo mishahara y’izo ngabo z’Uburundi ziri kugarukana amahoro muri Somalia, iyo ndege yo iguma ikorera Afrika y’epfo irondera umukate wa NKURUNZIZA n’abana biwe .

Mwibuke ko ivyo vyose bimeze uko mu gihe imiryango y’izo ngabo ziri kugarukana amahoro muri Somalia yishwe na kigoyi mu Burundi, kandi abana babo ( abagabo babo canke abagore babo ) baguye muri ico gihugu c’abihevyi ba El shababu bakorera ubusa mu gukora hagahembwa Petero NKURUNZIZA.

Inyuma yo kubona amezi abaye menshi cane badahembwa, abasoda bi Burundi bashika hafi 2700 boba bararahiye kurwana ingwano n’imwe iyo bari mu gihugu ca Somalia. Amakuru adushikira akemezwa na bamwe mu basoda bari muri ico Gihugu.

Ivyo bije vyiyongera ku cuka cari gisanzwe atari ciza mu gisoda aho isaha ku yindi ingabo z’igihugu zikura meza mu kwanka kugirwa ibikoresho.

Ingabo z’Uburundi zari zisanzwe zihangana cane, bikaba bigaragara ko zarengewe n’iyo nyifato y’uwo mwansi w’Uburundi aherutse kwihagira ubutegetsi ku nguvu mu guhamba ibwirizwa shingiro n’amasezerano y’Arusha. Amakuru yaguma avugwa itariki 30/9/2015 kandi yemezwa n’ingabo z’Uburundi ziri mu gihugu ca Somalia, kuva mu kwezi kwa nzero umwaka wi 2015 ( gushika uyu munsi n’iyi saha ) nta musirikare w’umurundi ari muri ico gihugu araronswa agashahara kiwe .