“Uburusiya si Israel canke Irani,gutanga gasopo kuri putin bizokwega intambara muri Amerika,reka kugira munzira za Joe biden”aya niyo majambo yashikirijwe n’uwahoze atwara uburusiya DMITRI MEDVEDEV yishura Donald trump,ivyo Trump abona nk’agasomborotso.
Kubwo ishavu,Donald Trump yatanze itegeko ryo kurungika ubwato 2 bwikoreye ibisasu vya nuclĂ©aire bugira musi y’amazi bwerekeza kunkengera z’uburusiya.

Ukutumvikana hagati ya Russie na Amerika bitumye Prezida Donald Trump arungika ubwato 2 bwuzuye ibisasu vya nucléaire bwerekeza mu bibanza vyegereye Russie.
Ibi vyos bitanguye kuva aho Donald Trump atanze Gasopo kuri Putin kuba yahagaritse intambara muri Ukraine bitarenze imisi 50 maze hakaba ibiganiro bihuza Ukraine n’uburusiya.
sivyo gusa Trump yahavuye yongera gutanga ikiringo ntarengwa c’imisi 10 kuba putin yahagaritse intambara muri Ukraine.
Ivyo vyose Dmitri MEDVEDEV yahoze atwara uburusiya akaba ari icegera c’uwutwara inama nkuru y’umutekano y’uburusiya ntiyatevye kwishura Trump,ivyo Trump abona nk’agasuzuguro.
DMITRI MEDVEDEV yagize ati:”uburusiya si Israel canke Irani,kuduha ibiringo ntarengwa bizotuma haba intambara muri Amerika,reka kugira munzira ya Joe Biden.”
Donald trump akibibona yaciye arungika ubwato 2 bwuzuye ibisasu vya nuclĂ©aire kunkengero z’uburusiya nkuko yaraye abishishije mu kinyamakuru Truth social.
Trump yagize ati:”narungitse ubwato 2 bwa nuclĂ©aire,mu gihe ayo majambo y’ubujuju aturira yoba ayo ukuri,amajambo nk’aya ntiyijana kandi ashobora kugira inkwirikizi zitari zitezwe,nizere ko bitazosubira”.





Recent Comments