Amerika Yavuye Mu Murwi wa ONU ujejwe kwubahiriza agateka ka zina muntu.

0

Ejo ku musi wa kabiri, igihugu ca Leta Zunze ubumwe za Amerika caraye gifashe iyindi ngingo iza itangaza isi yose mu kuva muri wa wa murwi wa ONU ujejwe kwubahiriza agateka aka zina muntu ariwo United nations Human Rights Council kubera ko ‘uwo murwi utabaho wisunga izina ryawo’, nk’uko uwuserukira Amerika Muri ONU, Nikki Haley, yabimenyesheje.

Nikki Haley yamenyesheje ko ibihugu nka Venezuela, Ubushinwa, Cuba na Republika ihatranira Demokrasi ya Kongo biri muri uwo murwo wa ONU ujejwe kwubahiriza agatekas ka zina muntu bidahesha izina ryiza uwo murwi wa ONU kubera ko muri ivyo bihugu uguhonyanga agateka ka zina muntu vyiraye cane‘.

Ariko rero muri UN Human Rights Council haragaragara ko ingingo ya Amerika yo kuva muri uyo murwi wa ONU ujejwe kwubahiriza agateka ka zina muntu ari uruhombo runini kubera ko Amerika yafata iyambere mu guhagararira abanyagihugu bacinyizwa mu bihugu bimwe bimwe kw’isi.

Umwe muri Human Rights Council yamenyesheje ati: “Ukuva muri UN Human Rights Council kw’intwaro ya Trump ni ingingo ibabaje aho Amerika iza ishigikira amabi yakozwe na Israeli ku banya Palestine….Mu kuva muri uyo murwi, USA ntiteye akagere gusa ONU, ariko kandi iteye akagere abahohoterwa bazira ubusa hirya no hino kw’isi, harimwo Syria, Myanmar, Koreya ya Ruguru na Yemen…”.

Amerika ikaba ivuye muri uwo murwi wa ONU wo kwubahiriza agateka ka zina muntu kubera ko yagaragara ko uwo mugwi uriko wegeka amakosa y’intambara kuri leta ya Israeli kubera ibitero ico gihugu kiriko kigira ku banya palestine bagumuka inyuma yaho USA ifashe ingingo yo kwimurira Ambassade yayo i Jerusalem kuva i Tel Aviv, ingingo itashimwe na gato n’Abarabu niko kuja mu migumuko.