Amerika Yatanguye Kugira Iperereza Mu Bumanuko Bw’ikiyaga Co Mu Bushinwa.

0

Ubwato bwa Amerika bwo Gutwara Indege z’intambara bwitwa USS Carl Vinson bwatanguye ibikorwa vya gisirikare vyitwa ko “ari ibisanzwe” mu Bumanuko bw’Ikiyaga co mu Bushinwa, bujanye n’ubundi bwato bwinshi bw’intambara, nk’uko tubikesha Ikinyamakuru CNN News.

Ubwo Bwato bw’intamabara USS Carl Vinson

Ivyo bikorwa vya gisirikare bibaye imisi mike gusa inyuma yaho Ubushikiranganji bw’Ubushinwa bw’imigenderanire n’ayandi makungu bugabishirije Leta Zunze Ubumwe Za Amerika kubera zirwanya ubwigenge bw’Ubushinwa muri ako karere.

Ubushinwa buvuga ko bufise uburerere butari buke mwako karere k’Ikiyaga co mu Bumanuko bw’Ubushinwa. Ubushinwa bwarahubatse n’amazinga afise n’ibibuga vy’indege mu myaka itari mike.

Ubushinwa bwarubatse amazinga kuri ico Kiyaga giteye impari.

Inyuma gato yaho Donald trump afatiye ubutegetsi muri Nzero 2017, ubutegetsi bwiwe bwaciye burahirira kuzibira Ubushinwa kugira ntibwigarurire ako karere.

Ku musi wa Gatatu, Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’Ubushinwa n’ayandi makungu Geng Shuang, yasavye Amerika kudafata ingingo yogwanije ubwigenge n’umutekano vy’Ubushinwa.

Mukamenya ko n’ibindi bihugu nka Vietnam, Taiwan, Phillipines, Malaisie, Ubuyapani navyo bivuga ko bifise uburere kuri Ico kiyaga co Mu Bumanuko bw’Ubushinwa.