Amerika Yashizeho Uburyo Bwo Gusambura Missile Muri Koreya y’Epfo

0

Kuri uyu musi wa kabiri, Leta Zuinze Ubumwe za Amerika zashizeho ibihimba vya mbere vy’ico bise THAAD( Terminal High Altitude Area Defense) muri Koreya y’Epfo kugira bikingire ibitero vya Missile zova muri Koreya ya Ruguru, umusi umwe inyuma y’aho Koreya ya Ruguru itereye missikle zine mu Kiyaga c’Ubuyapani.

Nkuko Ikinyamakuru CNN kivyerekana, ubwo buryo bwo kwikingira missile bukaba bugamije ‘gukorora canke guturitsa missile ziterwa na Koreya ya Ruguru zitarashika hasi’.

Harry Harris, umukomanda wa Amerika mu karere ka Pasifike avuga ko ‘ishirwaho rya THAAd ari kugira bubahirize amasezerano bagiranye mu mwaka uheze na Koreya y’epfo yuko bategerezwa kwikingira’.

Ubwo buryo bukaba bwitezwe gutangura gukora nko muntango zukwezi ka kane uyu mwaka turimwo, nkuko igisirikale ca Koreya y’epfo cabitangaje.

THAAD, uburyo bwo gukorora missile zitarashika hasi

Umukuru w’igihugu ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika Donald Trump akaba yavuganye na mugenziwe wa Koreya y’Epfo kuri Telefone kugira amwizeze ko azokurikirana ukuntu ubwo buryo bwokora neza.

Ejo ku musi wa gatatu itariki 08/03/2017, hitezwe ko Inama y’Umutekano ya ONU ikorana kugira bige ku kibazo ca Koreya ya Ruguru bivanye nuko ico gihugu kibandanya kirenga ku mategeko mpuzamakungu.

Ubwo buryo naho bwashizweho, bwiyamirijwe n’ibihugu bimwe bimwe nk’Ubushinwa n’Uburusiya. Ubushinwa bukaba bufise amakenga ko ama Radars ya THAAD ashobora no gucengetera ugasanga arashikiriye ibikorwa vya gisirikare v’Ubushinwa.
Mbega niyo THAAd yamanura izo missikle za Koreya ya Ruguru bizogenda gute?Birashoboka cane ko hazahava haba ugusubirizanya mu nkoko gukaze maze habe intambara idasanzwe.