Amerika yashizeho ingingo zikomeye zo gusuzuma abashaka kwinjira muri ico gihugu

0

Igihugu ca Reta zunzubumwe za Amerika kimenyesha ko kigiye kwongereza ingingo zikomeye zo gusuzuma uruja n’uruza muri ico gihugu, ku mvo z’umutekano.

Izo ngingo za Amerika zigiye gufatwa inyuma y’ibitero vy’abihevyi vyabereye mu gisagara ca Paris mu Bufaransa, mu kwezi kwa Munyonyo.

Amakuru atangwa n’ibiro vy’umukuru w’igihugu ca Reta zunzubumwe za Amerika amenyesha ko izo ngingo zizofata abanyagihugu bo mu bihugu bishika 38 babanza gusaba uruhusha rw’ukwinjira mu gihugu (Visa), imbere yo kuja muri Amerika.

visa

Nk’uko bitegekanijwe muri izo ngingo z’umutekano, imbere yo guhabwa uruhusha rwo kwinjira muri Amerika, hazobanza gusuzumwa hakoreshejwe gutera ibikumu n’amafoto kugira barabe ko uwo muntu yigeze kugira ingendo mu bihugu Amerika yagiriza ko hakorerwamwo iterabwoba.

Mu biro vy’umukuru w’igihugu bamenyesha ko iryo suzumwa kandi rizosubira rikorwe ku bibuga vy’indege imbere yo kwinjira mu ndege izoba ije ku butaka bwa Amerika.