Amerika Yagiriza Uburusiya Kwisuka Muri Politike ya Libya

0

Iperereza ryo mu kirere rya Leta Zunze Ubumwe Za Amerika ryashize ahabona ko riheruka kubona ubwato butwara indege z’intambara hamwe na za ndege zitagira abashoferi, vyose vy’Uburusiya mu burengero bw’igihugu ca Misri ku rubibe rwigihugu ca Libiya, nkuko Cable News Network( CNN) yabitangaje kuruyu musi wa gatatu itariki 15/03/2017.

Ntibiramenyekana nimba ivyo bikoresho vy’Uburusiya ari ivya Gisirikare canke ko aribijanye n’ubudandaji, mugabo abategetsi bo ku rwego rwo hejuru ba Leta Zunze Ubumwe Za Amerika baremeza ko vyose ari ibimenyetso vy’uko Uburusiya buriko burisuka mu bikorwa vya Politike muri Libya.

Umujenerali Thomas D. Waldhauser yemeje ko “ Uburusiya buriko burakoresha ububasha bunaka ku ngingo ya nyuma yofatwa ku bijanye nuwotwara canke ivyokwegukira ubutegetsi bwa Libiya…bariko bakora cane kugira barabe ko iyo ngingo yofatwa ku bwineza yabo”.

Vladmir Putin, Umukuru w’igihugu c’Uburusiya

Umukenguzamateka nawe Lindsey Graham yaciye abaza ku vyerekeye Abarusiya: “Abarusiya bariko bagerageza gukora muri Libiya ivyo bakoze muri Syria?”.
Waldhauser nawe yaciye yishura ati: “Ego, niko twobivuga”.

Ariko leta y’uburusiya ibicishije ku muvugizi wa Vladmir Putin, Dmitry Peskov, yavuze ko ‘ata makuru bafise kuvyerekeye ayo makuru yibikoresho vya gisirikare biri ku mupaka wa Libiya’.

Ubu haheze imyaka itanu Muamamar Gadhafi yahora atwara libiya akuwe ku butegetsi, hari ubutegetsi butatu burondera gushikira gutwara ico gihugu, hama iyindi migwi yabantu nayo ikagira akosho gakomeye muri ivyo, hama igihugu ca Libiya kikaba kigeze aho umwansi ashaka muvyubutunzi, mu gihe kandi wa muhari w’iterabwoba Etat Islamique wamaze kwaka indaro muri ico gihugu ca Libiya.