Amerika na Koreya Y’Epfo Batanguye Imyimenyerezo ya Gisirikare Iba Buri Mwaka.

0

Nk’uko Itororokanirizo ry’amakuru Reuters rivyerekana, Koreya y’epfo hamwe n’ingabo za Amerika batanguye imyimenyerezo ya Gisirikare kuri uyu musi wa gatatu iba buri mwaka kugira bapime ukuntu bokwingira agasotoro ka Koreya ya Ruguru, iyo myimenyerezo akenshi ikaba ifatwa na Koreya ya Ruguru ko ari ukwitegutrira intababara.

Iyo myimeneyerezo ije mu gihe hari ukutumvikana kwaturutse kw’igeragezwa rya Missile Ballistike na Koreya ya Ruguru itariki 12/02/2017 hamwe niyandi mageragezwa y’izo missile muri kahise, ivyo navyo bikaba bituma Ubutegetsi bwa Koreya ya Ruguru buca bugoma gusubiriza mu nkoko biciye mu ntamabara.

Iyo myimeneyerezo mu mwaka uheze yarimwo abasoda ba Amerika 17 000 hamwe n’abandi barenga 300 000 ba Koreya y’Epfo.

Imyimenyerezo ya Gisirikare ya Amerika na Koreya y’Epfo

Umunyamabanga wo kwivuna abansi wa Amerika Jim Mattis yavuganye na Mugenziwe wa Koreya y’epfo, Han Min-Koo, ko Amerika izoguma itanyiganyiga mu bijanye no gukingira ibihugu bifitaniye ubumwe.

Mattis yashimye cane kuba Koreya y’Epfo yaremeye gusinya ko hotangwa ubutaka kugira bashireho uburyo bwo kwikingira Missile( THAAD) muri Koreya y’Epfo.

Ivyo bikaba vyatumwe uwutwara koreya ya Ruguru, Kim Jong Un, avugira kw’iradiyo ya Leta KCNA mu gatondo ko uru uyu musi wa gatatu ko asuzuma neza ibiro bikuru vy’igisirikare kandi aca asohora amagirenama y’ukuntu bokwitegurira intamabara.

Iyo myimeneyerezo hamwe n’iyo THAAD bikaba vyiyamirizwa n’ibindi bihugu nk’Ubushinwa n’Uburusiya.