Amerika Iragabisha Abanyagihugu Bayo Kudatemberera Mu Burundi No Kwiyubara.

0

Nkuko biboneka ku rubuga rwa Departement ya Leta ya Amerika kuri uyu musi wa gatandatu itariki 24 za Ruheshi 2017, igihugu ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika kiragabisha abanyagihugu baco kudatemberera mu Burundi kubera intureka za politike zibandanya, amabi atari make hamwe nagahohotero, hamwe nuko hashobora kuba indyane mu gihugu c’Uburundi.Iyi ikaba ari ingabisho ije isubitira iyari yasaohotse itariki 15 munyonyo 2016 yabuza abanyagihugu ba Amerika kudatembera mu Burundi.

Nkuko iryo tangazo ribivuga,Umutekano mu Burundi ngo uhagaze nabi, ahagaragara ibikorwa vy’ihohoterwa hirya no hino mu gihugu, iturika rya geranade n’amasasu vyumvikana ku musi ku musi mu Burundi, bifiswemwo uruhare nimigwi yitwaje inkoho.

Iryo Tangazo ribandanya rivuga ko abapolisi nabasirikare bakora isuzuma mu bibanza vyinshi maze hakabura umwidegemvyo wo kwishira no kwizana, maze iyo misako ikaba ikorwa no ku banyagihugu ba Leta Zunze Ubumwe za Amerika.

Iryo tangazo ribandanya rivuga ko Abarwanya leta y’u Burundi , abahoze ari abarwanyi n’urwaruka rwitwaje ibigwanisho bahungiye muri Repubulika Iharanira Demokarasi ya Congo ngo barajabuka bagatera abanyagihugu kandi bakanabanyuruza. Iyo migwi kandi igwana ikaba itegera amamodoka asohoka ava i Bujumbura aja mu gihugu hagati.Iryo tangazo rikabwira abanyamerika baba hano mu Burundi kugaba igihe bafata ingendo n’imodoka, canke bakagira ingendo mu modoka nyinshi zitandukanye uko bishoboka.

Abanyagihugu kandi ba Leta Zunze Ubumwe Za Amerika babujijwe kandi gutembera mwijoro mu gisagara ca Bujumbura na cane cane mu ma quartiers ya Cibitoke, Gasenyi, Kamenge, Kinama, Musaga, Mutakura na Ngagara mu gihe badafise uruhusha rutanzwe n’abakozi ba Ambassade ya Amerika ikorera i Bujumbura.