Amerika: Donald Trump yiyemeje Kwongereza Ibigwanisho Ruhonyanganda.

0

Umukuru w’igihugu ca leta Zunze Ubumwe za Amerika Donald Trump yavuze ejo ku musi wa kane ko ashaka kwiyemeze neza ko ibigwanisho ruhonyanganda vya Amerika ko “biri hejuru yibindi” kw’isi yose, avuga ko igihugu ca Leta Zunze Ubumwe Za Amerika casubiye inyuma mu bijanye n’ububasha bw’ibigwanisho.

Mu kiganiro yagiranye n’itangazamakuru Reuters, Trump kandi yaravuze ko Ubushinwa bwotorera umuti intambamyi muvy’umutekano uriko ushirwaho na Koreya Ya Ruguru “mu buryo bworoshe iyaba Ubushinwa bwanishaka”, akaba yariko yongereza umukazo ku Butegetsi bw’Ubushinwa kugira bukoreshe inguvu ziyongereye kugira buhagaraike Ibikorwa vyo gusotora intambara vya Koreya ya Ruguru.

Trump kandi yaravuze ko ashigikiye Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya, avuga ko “abushigikiye vyukuri’.Donald Trump yavuze mwico kiganiro na Reuters koyoshima kubona Isi yose itarimwo ibigwanisho ruhonyanganda mugabo aca avuga ko Leta Zunze Ubumwe Za Amerika ko “zasubiye inyuma mu bijanye n’ububasha bw’ibigwanisho ruhonyanganda”.

Ishusho yashushanijwe y’ukuntu Ikigwanisho Ruhonyanganda(Bombe Atomique) giturika.

Trump yabandanije avuga ati: “Vyoba bibereye cane igihe ata gihugu na kimwe kw’isi coba gifise ibigwanisho ruhonyanganda, mugabo mu gihe ibihugu biriko birakora ibigwanisho ruhonyanganda, natwe nka Amerika tugiye kuja hejuru kuri bo mu kugira vyinshi cane”.

Nk’uko Ikigo kirwanya Ibigwanisho ruhonyanganda, Ploughshares Fund, kivyerekana, Uburusiya bwonyene bufise ibigwanisho ruhonyanganda 7000,hama Leta Zunze Ubumwe Za Amerika nazo zifise ibigwanisho ruhonyanganda 6800.

Daryl Kimball, arongoye Ishirahamwe Ryigenga ryo kuraba Irwirirana ry’ibigwanisho, avuga ati: “ Ibihugu vy’Uburusiya na Leta Zunze Ubumwe za Amerika bifise ibigwanisho ruhonyanganda birenze ivyo vyategerezwa kuba bifise kugira vyikingire ibigwanisho ruhonyanganda mu gihe vyoba bitewe n’ibindi bihugu hakoreshejwe ibigwanisho ruhonynganda”.