Amerika: Donald Trump Yasabiwe Gutanga Imihoho!

0

Muri Leta Zunze Ubumwe Za Amerika, igisabo c’uko Donald trump, umukuru w’igihugu, yokurwa mu mabanga yo gutwara igihugu camaze gushikana abantu bagisinyeko bashika 850 000. Ariko muri rusangi, ntivyitezwe cane ko umukuru w’igihugu yovanwa mu mabanga yo kuyobora igihugu ku nguvu.

Nk’uko tubikesha Radio France 24, hadaheze ukwezi Donald Trump afashe ubutegetsi, igisabo c’uko Donald Trump yokurwa mu mabanga yo gutwara igihugu ca leta Zunze Ubumwe za Amerika cararungitswe ejo bundi kuwa kane itariki 16/02/2016 mu Nama Nkuru ya Amerika( Congrѐs).Hamaze no gusohorwa video yukuntu iryo kurwa mu mabanga rya Trump ririko rirategurwa.

Abatanguye isekeza ryo gukura mu mabanga Donald Trump

Ico gisabo kikaba gishikana abagisinye 850 000 basaba ko Donald trump yokurwa mu mabanga yo kuyobora igihugu(Destitution canke Impeachment mu Congereza) ku bw’impamvu z’uko “habandanya hahonyangwa Ibwirizwa Shingiro”.

Naho biruko, ikurwa mu mabanga rya Trump riracari kure cane nk’ukwezi. Ivyo bisaba gukoresha inguvu za politike. Iryo kurwa mu mabanga rya Trump risaba uguhiganwa kw’abagize Inama Nshingamateka na Nkenguzamateka mu Nama Nkuru ubu yiharijwe cane nabakomoka mu mugambwe waba Républicains, ari nawo Donald Trump akomokamwo. Rero bikaba bitizewe neza ko aba ba Republicains bokwemeza ko yokurwa mu mabanga,umukuru wigihugu yatowe yongera aremezwa n’umugambwe wabo.