Amerika: Amategeko Mashasha Azotuma Abimukira Amamiliyoni Birukanwa.

0
Donald Trump ariko asinya Itegeko ry’Umukuru w’Igihugu

Abantu amamiliyoni baba muri Amerika barashobora gushikirwa no kwirukanwa (Deportation), harimwo n’abantu bahagaritswe gusa kubera barenze amategeko y’ingendo bivuye kw’isubirwamwo ry’itegeko rigenga Abimukira ryasohowe ejo Ku musi wa kabiri n’ubutegetsi bwa leta Zunze Ubumwe Za Amerika burongowe na Donald Trump.

Umwimukira wese ari muri ico gihugu mu buryo butemewe n’amategeko hama akaba yagirizwa n’ikosha iryari ryo ryose, mbere naho yoba yiketsweko ukurenga itegeko, azokurikiranwa cane kugira itegeko rya Departema Y’Umutekano n’Uburaro, irongowe na John Kelly, yasinye. Aho hashobora kujamwo n’abantu bazoba bahagaritswe kubera amakosa nko kwiba ibintu vyo muri boutique,mbere n’udukosa dutoduto, eka mbere nokujabuka umupaka uja muri Amerika mu buryo butemewe n’amategeko.

Abiyamiriza amategeko agenga abimukira muri Amerika

Kujabuka umupaka mu buryo butemewe n’amategeko n’ikosha rihanwa n’amategeko, kandi ayo mategeko mashasha arashira ahabona ko abo bose binjira muri Amerika bidaciye mumategeko bazojamwo mw’abo birukanwa.

Eka na barya barenza umwanya wa Viza hama bakaguma muri Amerika nabo nyene ntiboroherejwe n’ayo mategeko mashasha kuko nabo bashobora kuzokwirukanwa.

Ayo mategeko mashasha nutundi turyo Donald Trump akoze kugira yiyemeze neza ko imigambi yiwe yavuze aciyamamaza ku vyerekeye abimukira yoja mu ngiro.

Akaba kandi yariyemeje kwubaka uruhome rugabura Megzike na Amerika, akavuga ko Abanya Megzike aribo bazotanga amafaranga yo kwubaka urwo ruhome, kandi ayo mategeko mashasha yasinywe na Kelly arashimika kuvyuko hotangurwa guharurwa amafaranga azokoreshwa kururwo ruzitiro.

Amategeko ya mbere ya Trump ku vyerekeye Abimukira, ayankira impunzi zose harimwo nabandi bantu bava mu bihugu bigwiriyemwo Abisilamu, yariyamirijwe bidasanzwe mbere gushika naho Amategeko y’Ubucamanza Bwa Amerika ayahagarika.