Amazi y’ikiyaga ca Tanganyika yateye amahoteli ahegereye

0

Kuva kur’uyu gatandatu kumugoroba, amazi y’ikiyaga Tanganyika yaraduze ashika ku metero ijana kuva aho yarari, araduga kandi ku metero imwe uduga hejuru. Amahoteri yegereye ico kiyaga akaba yakoresheje ubwato kugira akureyo abakiriya bari baryamyeyo.

Abarongoye ayo mahoteli bagatagazwa ningene ayo mazi aduga kandi atamvura yariko iragwa. Bakibaza ko ayo mazi agiye gusubira mu kibanza cayo vuba.

Umushikiranganji ajejwe ibidukikije, Dr Guide Rurema, yaciye ahaguruka araja kwirabira ibintu ingene vyifashe. Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru yamenyesheje ko iryo duga ryamazi ryatewe nuko abantu baguma bubaka ku nkengera zico kiyaga bigatuma amazi aca abashikira ubwo nyene. Abandi bahinga nabo bakavuga ko ivyo vyavuye ku miyaga myishi iri mu kiyaga ca Tanganyika isuguma amazi.