Amatora y’Umukuru w’igihugu yungururijwe igenekerezo rya 21 mu gihe hasabwe 30 mukakaro, imvo n’iyihe?

0

Mu gihe ku musi wa mbere igenekerezo rya 6 mukakaro, inama y’abakuru b’ibihugu vya afrika y’Ubuseruko basavye ko amatora y’Umukuru w’Igihugu c’Uburundi yari yitezwe igenekerezo rya 15 mukakaro yokwungururizwa kw’igenekerezo rya 30 mukakaro, Leta y’Uburundi yayungururije igenekerezo rya 21  mukakaro ngo kumvo z’uko ayo magenekerezo adashoboka bivanye n’igihe ikiringo c’umukuru w’igihugu kizoherera nkuko Abayeho Gervais umuvugizi w’umukuru w’igihugu yabishikirije ikinyamakuru RFI.

000_Par8173665_0

Nayo abatavuga rumwe n’Ubutegetsi bamenyesha ko ivyo batavyerekwa no mu maso kubera ari inkinamico bashaka gukora. Jeremie Minani umuvugizi wa Mouvement Arusha(uhurikiyemwo amashirahamwe yose yiyemeje kurwanya ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza) amenyesha ko ukwunguruza ibihe vy’amatora biva mu mwumvikane w’abanyepolitique bose, ngo kuba Leta ya Bujumbura yashimye kuyunguruza ataco bababwiye ngo bo ntaco bahindura kuvyo bashikirije kuva kera. Akaba yanabandanije avuga ko ukuba batanashizeho amatora agira kabiri y’umukuru w’igihugu bisigura ko umukuru w’igihugu c’Uburundi amaze kubona ko azotsinda muri ayo ya mbere kandi ko na CENI imaze kumenya amanota izoha umukuru w’igihugu kubwabo ngo nta kamaro ko kuyajamwo,.

Kubwa Mouvement Arusha bakabona kandi ko imisi itandatu idakwiye kugira ibibazo bihanze Uburundi nk’umutekano muke uturuka ku mirwi yitwaje ibirwanisho iri mu gihugu, hamwe n’iterabwoba rigirirwa abatavuga rumwe n’Ubutegetsi, ngo bizobe vyatorewe umuti kugira amatora agende neza.

Mwokwibuka ko imisi cumi n’itanu yari yashizweho ngo umuhuza mushasha mu bibazo vy’abarundi Yoweri Museveni ashobore gufasha gutorera umuti ivyo bibazo bihanze Uburundi.