Amatora y’abakenguzamateka azitabwa n’imigambwe 3 n’urunani rw’imigambwe rumwe

0

Urutonde rw’abazitoza ku giti c’Abakenguzamateka  rwamaze kuboneka. Umurwi CENI umenyesha ko imigambwe itatu hamwe n’urunani rw’imigambwe rumwe aribo bazitaba ayo matora yanyuma ku rutonde rw’amatora ategekanijwe mu Burundi.

arton9736-800e61
Abarongoye Inama nkenguzamateka

Nkuko Annociate Niyonkuru icegera c’Umukuru w’umurwi CENI yabishikirije ngo imigambwe nka CNDD FDD, UPRONA itwarwa na Concilie , FNL itwarwa na Jacques Bigirimana hamwe n’urunani COPA rutwarwa na Jean de Dieu Mutabazi nibo bazitaba ayo matora.

Umugambwe CNDD FDD ukaba uzitaba ayo matora mu ntara zose z’Uburundi, Umugambwe UPRONA mu ntara zitatu, umugambwe FNL ukazitaba mu ntara 16 nayo urunani Copa rukazitaba ayo matora mu ntara 9 gusa.