Amatora – inteko mpuzamakungu zirakenewe ngo zicungere abarundi

0

Kubwa Aimee magera umuvugizi wa Agathon Rwasa ngo umutekano mu matora ntuzoshoboka mu gihe imbonerakure zigifise ibirwanisho mu mazu yabo, ngo hari hakwiye kwanza ko babanza kubaka ivyo babahaye.

rwasa

Ivyo bigashigikirwa kandi n’uwahoze ari umukuru w’igihugu Sylvestre Ntibantunganya kuko nawe yibaza ko ikibazo c’imbonerakure coshobora kuba ingorane mu gihe c’amatora.

Magera akaba yamenyesheje ikinyamakuru Iwacu ko bibabaje kuba abarundi birirwa baricwa n’abari bajejwe kubakingira ikindi naco yavuze ngo vyoba vyiza hamwe inteko mpuzamakungu zohamagarwa mu Burundi kugira zikingire abanyagihugu na cane cane abariko baritoza.