Amatora – Imyiyamamazo y’abatavuga rumwe n’ubutegetsi yoba iriko irakorwa mu kinyegero

0

Hoba hari ukutabona kumwe ikibazo cukwiyamamaza kiriko kigirwa n’imigambwe imwe ariko iyindi ngw’ikaba icicaye.

nyabenda
Pascal Nyabenda arongoye umugambwe uri kubutegesti ” CNDD-FDD

Umugambwe CNDD FDD ubicishije kuwuwuserukira ariwe Pascal Nyabenda yamenyesheje ikinyamakuru iwacu ko afise ivyemezo vyemeza neza ko abatavuga runwe nuwo mugambwe boba bakora imyiyamamazo ariko Atari Ku mugaragaro, ivyo kubwa pascal ngo nugukora ikintu n’igihushane caco.

Nayo Ku ruhande rwa rwasa Agathon ngo umugambwe CNDD FDD uri ku butegetsi niwemere ko watsinzwe ureke kwitwaza ibitagira epfo na ruguru. Ngw’ivy’imyiyamamazo navyo ngo nibababwire aho boba barugururiye ku mugaragaro imyiyamamazo.