Intebe ijana nizo zizohiganirwa mu matora y’abashingamateka y’uno mwaka wa 2015 nkuko biboneka mw’itegeko nimero 100/71 ryo kuwa 27 Ntwarante 2015 rihamagarira abarundi kwitabira amatora ryashizweko umukono n’umukuru w’igihugu c’Uburundi. Izo ntebe ijana zikaba zigabanganijwe uku gukurikira Bubanza (4), Bujumbura (6), Bururi (4), Cankuzo (3), Cibitoke (6), Gitega (9), Karusi (6), Kayanza (7), Kirundo (8), Makamba (5), Muramvya (4), Muyinga (8), Mwaro (3), Ngozi (8), Rumonge (4), Rutana (4), Ruyigi (5), na Bujumbura Mairie (6).
Muri iryo tegeko hakabonekamwo kandi amagenekerezo y’uko ayo matora azogenda hamwe n’ay’ugushikirizako intonde z’abazokwitoza hamwe n’imyidondoro yabo. Ku bajenama b’ama commune amagenekerezo 30 Ntwarante gushika kurya 8 Ndamukiza 2015 bategerezwa kuzoba bamazekuyashikana, nayo amatora yabo akazoba igenekerezo rya 26 Rusama 2015.
Igenekerezo rya 26 Rusama 2015 nyene hakazoca haba amatora y’abashingamateka, nayo imyidondoro yabo hamwe n’intonde zabo bikazoba vyashitse muri CENI kuva igenekerez0 rya 30 Ntwarante gushika kurya 13 Ndamukiza 2015.
Amatora y’umukuru w’igihugu akaba atagekanijwe kw’igenekerezo rya 26 Ruheshi 2015, ariko mu gihe vyokenerwa ko batora irigira kabiri (Second tour), ayo matora akazoca aba kw’igenekerezo rya 27 Mukakaro 2015. Nayo abakenguzamateka bakazotorwa igenekerezo rya 17 Mukakaro 2015, guhera igenekerezo rya 1ruheshi gushika 15 Ruheshi 2015. Abakenguzamateka bakazotorwa n’abari mu nama mpanuzwajambo z’ama commune azoba yatowe igenekerezo rya 26 rusama.
Imana ihezagire Amatora, iyarinde gusesekamwo amaraso y’abarundi
Source: Igihe
Recent Comments