Umurwi ujejwe gutegura amatora mu Burundi CENI wongeye Imisi itatu abazokwitoza ku bashingamateka hamwe n’abajenama b’amakomine ngo bazobe batanze impapuro zisabwa.
Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru umurwi CENI watanze kuri uyu wa gatantu igenekerezo rya 8 ndamukiza, wamenyesheje ko wongeye abazokwitoza mu matora ya mbere y’abajenama b’ama Comune hamwe n’abashingamateka imisi itatu ngo bazobe batanze ibibaranga ku biro biserukira uwo murwi mu ntara.
Ivyo bikozwe inyuma y’imyidogo itari mike y’abanyamigambwe hamwe n’abigenga ko imisi uwo murwi CENI watanze ku bazokwitoza yo kurondera ibibaranga ari mike. Ivyo biringo bikaba vyungurujwe, bivuye kw’igenekerezo rya 9 ndamukiza bishizwe kuwa 11 Ndamukiza 2015 ku bajenama b’amakomine, hamwe n’ukuva kw’igenekerezo rya 14 ndamukiza gushirwa kw’igenekerezo rya 16 Ndamukiza 2015.
Muri ico kiganiro nyene abo barongozi ba CENi batanze biyemereye ko gushika ubu ata numwe arabitura ngo abahe ivyo bimuranga, hakabonekamwo agahaze muri ivyo bikorwa.
Recent Comments