<<Ntibashaka kurekura igihugu kuko bagifashe kumuheto, ngo bazokivako umuriro waka canke bakigumane.>> Ivyo nivyashikirijwe n’umwe mu bariko barakoreshwa n’abariko barategura intambaro mu Burundi izokorwa ubwa mbere n’imbonerakure zizova mu ma commune yose y’igihugu c’Uburundi, inyumayabo hakazokoreshwa abaje bava KIBIRA ONDES basanzwe abari mu gihugu barindiriye ko ifirimbi y’urukino ivuga.
Nkuko amakuru dukesha insamirizi y’abanyagihugu avuga ngo imbonera kure 11 ku mutumba nizo ziriko ziritegura ngo zizokore ako kazi mu gihe bizoba ngombwa. Imice imwe imwe nka Bubanza Gihanga niyo imaze kwitegura neza kuko imbonera kure zaho zimaze gukoreshwa imyimenyerezo ya gisirikare.
Nkuko ayo makuru dukesha insamirizi zimwe zimwe ngo inama zitandukanye ziguma zikorwa hirya no hino mu gihugu c’Uburundi mu ntumbero yo kwumvisha imbonerakure ico gikorwa.
Recent Comments