Kubwa Ferederiko bamvuginyumvira asanzwe ari icegera c’umukuru w’umugambwe Sahwanya FRODEBU ngo izo ngendo z’amahoro zihamagarwa mu Burundi buzima n’uburyo bwiza batoye bwo kwamamaza umukuru w’igihugu hataragera. Ngo ivyo biboneka mu majambo atandukanye yumvikana hirya no hino aho baba bagiye muri izo ngendo.
Nkuko yabandanije abivuga ngo iyo bagiye bitwaza impapuro zitandukanye n’impuzu ziriko ngo nibatore Petero nkurunziza, canke bakavuga amajambo y’ugucanishamwo aho humvikanamwo ukurwanya amaradio amwe amwe hamwe n’amashirahamwe adaharanira inyungu za politique.
Bamvuginyumvira yanaboneyeho akaryo ko gutera akamo CENI ngo imenye ko idakwiye kwumviriza umugambwe uri ku butegetsi gusa mu gihe boba bashima ko haba amatora yitabirwa na bose. Hama akongerako ko badakwiye kwica amatwi canke ngo barabe irarirari ku biriko biraba bijanye n’ukwiyamamaza, ngo ntihagire abandi bazobikora hama bazohave bavuga ko ariko arenga mategeko.
Recent Comments