Amatati hagati ya Amerika n’Ubushinwa!

0

Nta wushobora gutsinda hagati ya Leta zunze Ubumwe za Amerika n’Ubushinwa mu matati ari hagati y’ivyo bihugu bibiri, nk’uko Wang Yi, Umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu w’Ubushinwa, yagabishije kuruno musi wa kabiri, kugira asukemwo mabisi ku kutarabana neza hagati y’Ubushinwa na Leta Zunze Ubumwe za Amerika inyuma yitorwa rya Donald J.Trump.

Imigenderanire hagati ya Amerika n’Ubushinwa yarononekaye inyuma yaho Donald Trump atelefoneye Umukuru wa Taiwan, Tsai Ing-Wen, mu kwezi kwa kigarama 2016 aca yongera amenyesha ko azotoza amakori arenze ku bidandazwa Ubushinwa bwinjiza muri Amerika.

Tsai Ing-wen, Umukuru wa Taiwan

Ubushinwa bubona ko Taiwan ari intara y’Ubushinwa yagumutse, itagira uburenganzira na bumwe bwo kugira imigenderanire n’igihugu na kimwe.

Mugabo Ubushinwa bwiyemeje gutsimbataza amahoro nkuko wang abivuga, inyuma yo kubonana na’umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu wa Australia, Julia Bishop.

Wang Yi, Umushikiranganji w’Imigenderanire w’Ubushinwa.

“Nta matati ashobora kuba hagati ya Amerika n’Ubushinwa, nkuko impande zose zizohahombera, kandi impande zose zikaba zitobishikako”, niko Wang Yi yabwiye abamenyeshamakuru ku murwa mukuru wa Australia ariwo Canberra.

Mu gihe arondera gusukamwo mabisi murayo matati hagati yabo, Wang Yi ahamagarira abatware b’isi yose kwiyamiriza bivuye inyuma “Ukwikingira wikunda”( Protectionisme), ukwo trump yashigikiye nimvugo yiwe ya “Amerika imbere” muvyerekeye ubutunzi.