Amatariki y’amatora yarakwiye kwumvikanakwo, jewe ayo matora sinzoyajamwo

0

<<Amatora ariko ategurwa igenekerezo rya 21 Mukakaro sinzoyitaba.>> Ivyo nivyashikirijwe n’uwahoze ari umukuru w’igihugu Domitien Ndayizeye kandi akaba ari n’umwe mu bazohiganirwa ikibanza c’umukuru w’igihugu mu matora yobaye igenekerezo rya 15 mukakaro ariko yungururijwe igenekerezo rya 21 mukakaro na Leta y’Uburundi.

KENYA-BURUNDI-NDAYIZEYE

Mu kiganiro yahaye Ikinyamakuru RFI yamenyesheje ko vyoba vyiza bunguruje amagenekerezo, ngo kubera hakiri vyinshi vyo gukora kugira amatora yizewe na bose abe.

Domitien Ndayizeye avuga ko igisigaye gukorwa ari ibijanye n’Ukwugurura amaradio, ugutahukana impunzi hamwe no kwaka ibirwanisho Imbonerakure, ivyo vyose ngo bitegerezwa gukorwa kandi ngo nivyo vyangombwa gusumba.

Twokwibukanya ko Domitien Ndayizeye yahoze ari umukuru w’Igihugu c’Uburundi imbere yuko Uburundi buja mu matora y’Umukuru w’igihugu mu mwaka wa 2005, akaba kandi ari nawe yatunganije ayo matora.