Amatara Akinga Amasanganya ku mabarabara Agiye Gushirwaho Mu Gisagara ca Bujumbura Arateye Impari.

0
Ayo matara yo ku mabarabara yatsa umuco utukura, uwusa n’icatsi kibisi hamwe n’uwusa n’umuhondo

Amatara afise umuco w’uburyo butatu( Feux tricolores) yaka ku mabarabara kugira hakingwe amasanganya mu mabarabara agiye gushirwaho mu mezi atandatu mu gisagara ca Bujumbura, ariko akaba ateye impari yibonekeza hagati y’Igipolisi n’Ibiro bijejwe amabarabara mu Burundi(ODR).

Ayo matara yatsa umuco utukura, umuco usa nicatsi kibisi hamwe n’umuco usa n’umuhondo. hatse Umuco utukura bisobanura ko uba ubwiwe guhagarara, hatse umuco usa n’icatsi kibisi bisigura ko uba ubwiwe kubandanya, hatse umuco usa n’umuhondo uba ubwiwe kugenda buhoro buhoro wiyubara.

Ejo bundi kuwa gatanu uheze, Umushikiranganji ajejwe Ukwunguruza Ibintu, Ibikorwa vya Leta, Jean Bosco NTUNZWENIMANA, yarishikiye kuraba uko ivyo bikorwa biriko biragenda vyo gushiraho ayo matara ku mahuriro atandukanye y’amabarabara mu gisagara ca Bujumbura, ivyo bikorwa bikaba bishigikiwe n’igihugu c’Ubushinwa.

Ugukoresha neza hamwe n’umutekano wayo matara kukaba kuraje ishinga bamwe. Ibinogo bizoshingwamwo ayo matara y’ubwoko butatu biramaze kwimbwa. Ariko uwuhagarariye igipolisi kijejwe uruja n’uruza mw’ibarabara, Alfred MUSEREMU, avuga ko ayo matara yoshirwa hirya gato kure y’ibarabara kugira hakingwe amasanganya.

Mugabo Umuyobozi mukuru wa ODR, Vincent NIBAYUBAHE, avuga koiyo atari’ ingorane’, gusa ‘igikenewe aruko hokwigwa gusa uko ayo matara akinga masanganya yokoreshwa mu buryo bwiza’.

Bivanye n’uko kutumvikana kwibonekeza, Umushikiranganji wewe avuga ko Igipolisi, ubuyobozi bw’igisagara ca Bujumbura hamwe na REGIDESO bazokorana mu runani kugira ayo matara akoreshwe neza mu buryo nyabwo mu ntumbero yo kugabanya amasanganya mu mabarabara.