Amashusho ya Ashley Diva ari guterura ivyuma yatangaje benshi

0

Ashley Girukwishaka canke Ashley Diva akaba ariwe muririmvyikazi agezweho kanatsinda akaryohera na benshi muri BujaFleva mu ndirimbo ziwe zitarenga zine gusa.

Kugeza ubu uyo muririmvyikazi akaba akibarizwa mu gihugu ca Kenya mu gisagara ca Nairobi aho ari kubandanyirizayo ibikorwa vyiwe vya buri munsi arivyo umuziki.

Screenshot_2015-08-08-02-48-26_1

Amashusho y’ uyo muririmvyikazi ari guterura ivyuma akaba yatangaje abakunzi b’ umuziki wiwe kumbure benshi bakibaza ko yoba afise iyindi migambi itandukanye n’ umuziki, ariko nkuko yabishikirije ku rubuga rwiwe yavuze y’ uko kunonosora imitsi ari zimwe mu nzira zituma umuririmvyi akora akazi kiwe neza kandi akagaragara neza imbere y’ abantu.

Screenshot_2015-08-08-02-50-06_1