Amashirahamwe menshi yahagurukiye ikiza coronavirus

0

Ayo nayo akaba ari Ibanki y’Isi yose ariyo bita Banque Mondiale canke World Bank aho igiye gusohora imiliaridi 14 kugira ishigikire ubuvuzi mu bihugu bitaratera imbere hamwe no kurwanya ubushomeri bwohava bukwirikira mugihe abantu baba bugaraniwe mu mazu batinya kwanduzanya uwo mugera covid-19.

Abandi bahagurukiye ico kiza n’ishirahamwe ry’Ibihugu vya Afrika vyo mu karere kubuseruko EAC aho ririko ritegura imiduga izopima abantu ico kiza n’ibikoresho atari bike muvy’ubuvuzi bw’iyo ngwara nk’ibikoresho bifasha guhema no kwikingira ku mazuru iyo ngwara.

Abashingamateka b’uyo muryango nabo bakaba bategekanya kugira ingendo mu bihugu baturukamwo kugira bamenye ibikenewe m’ubumenyi bw’abenegihugu n’ingaruka mbi kubutunzi, bikavurwa na Victor Burikukiye, arongoye abashingamateke babarundi mur’uyu muryango, ivyo bikorwa bikazomara indwi zibiri.

Aho ntitwibagiye ishirahamwe mpuzamakungu OMS rimaze kugurura mu bitaro bimwe bimwe vya Bujumbura aho bapimira iyo ngwara naho bashobora kurwarira mugihe habonetse abagwayi bico kiza.

Umugwizatunga w’umuchinois Jack Ma arikumwe n’ishirahamwe ryiwe Alibaba Group nawe akaba yararungitse ibikoresho vyinshi kumugabane wa Afrika bikaba bimaze kuzanwa n’indege Ethipian’s Airlines.

Ariko uyu mugera ukaba ugoye kurwanya kuko uca mu mpwemu no gukoranako kandi ukaba ukarira amahaha aho umuntu vyanka ko ahema. Ibisagara vyinshi vyo kwisi bikaba vyabujije abantu gutembera bidakenewe no gukaraba kenshi hamwe no kureka kuramukanya mu minwe.