Amashirahamwe HCR na OIM asaba Trump Kwakira Impunzi

0

Amashirahamwe Mpuzamakungu yitaho impunzi n’abimukira kw’isi HCR na OIM bahamagariye ubutegetsi bwa Trump,Umukuru w’igihugu wa Leta Zunze Ubumwe Za Amerika, kubandanya bwakira impunzi zihunga intambara nugutotezwa mu bihugu vyabo.

Ku wagatanu, umukuru w’igihugu Trump yarasinye itegeko rituma Amerika itakira impunzi n’imwe mukiringo c’amezi ane, yongera afata iyindi ngingo ibuza ko impunzi ziva mubihugu bigwiriyemwo aba isilamu indwi arivyo Iran, Iraq,Yemen, Libiya, Sudani, Somalia na Syria kugira ngo akingire igihugu ciwe ibitero vya ba gaterabwoba.

Umukuru w’igihugu wa Leta zunze ubumwe Za Amerika, Donald J. Trump

Rero, HCR na OIM, amashiramwe afise icicaro i GENEVE, yamenyesheje ko “ inkenero z’impunzi n’abimukira kw’isi yose zitegeze ziba nyinshi cane kandi ko Amerika arico gihugu gihambaye cane kw’isi yose mubijanye no guha ubuhungiro impunzi”.

Amashirahamwe HCR na OIM avuga ko azoguma akorana n’intwaro ya Leta Zunze Ubumwe za Amerika mumugambi wo kubandanya baha ubuhungiro impunzi n’abimukira.

Ayomashiramwe avuga ati: “ Turizeye ijana kw’ijana ko impunzi zitegerezwa gufatwa neza kumwe no gukingirwa, hatarinze kurabwa idini ry’umuntu, ubwenegihugu bwiwe, canke ibara ry’urukoba ryiwe”.