Amasengesho y’imisi 7 umuryango w’umukuru w’igihugu urimwo arabandanya ” Raba hano amafoto

0

Muntara ya NGOZI mugace ka Vyegwa hariko haraba igikorane categekanijwe ko kizomara indwi yose ,ico gikorane kikaba catunganijwe n’umuryango w’umukuru w’igihugu muntumbero yo gushira mubiganza igihugu c’uburundi.

a

Murico gikorane kiriko kirabera muntara ya Ngozi ,hatumiwemwo abantu bava mumashengero yose hamwe nabavugabutumwa bava mumashengero yose kugira babashe gusengera igihugu cacu naraburya u Burundi bwari bumaze imisi mubihe bitoroshe na gato.
Kubwa Petero Nkurunziza asanzwe arongoye u Burundi wewe agira ati:
BeneBurundi, bagenzi bacu, benshi muri mwebwe muribaza intumbero y’iminsi indwi y’amasengesho umuryango wanje watumiriyemwo uwo wese aba mu gihugu cacu, mu Vyerwa vy’Imana vy’i Ngozi.

c

Intumbero ni imwe gusa : mu butandukanire bw’ukwemera kwacu, uri Abaporoti, Abagatorika, AbIslamu n’abandi, twagomvye gufata akanya ko kurondera ubwiza bw’Imana imbere y’uko dutangura ibikorwa vya kino kiringo c’ubushumba Abarundi baduhaye, c’imyaka itanu iri imbere.
Aha ndiko mbwira abaza, n’abazoza kubwo gushaka, bakaza kwifadikanya natwe n’umutima ubikunze. Abazanwa n’ibindi, barashaka birekere kuko ntibazobikorera jewe.
Muri ino minsi indwi iri imbere, tuzofatira akanya ibikorwa 8 bikurubikuru :
> Gushimira Imana
> Gusaba Imbabazi (nk’igihugu, no kugatwe ka muntu)
> Gukenguruka no kwinginga
> Gusaba kwezwa
> Gusengera Uburundi (twisunga ya majambo meza y’Ururirimbo ruhayagiza igihugu cacu, ngo “Imana yakuduhaye ikudutungire”)
> Gusaba Ubuntu bw’Imana n’Ubwiza bwayo (2015-2020)
> Gusengeranira
> Gushinga Intahe ku bikomeye Imana yadukoreye
Kaze.

Abatazoshobora kuhashika, muze musengere aho muzoba muri.
Imana ibahezagire.

b

UBM News Tubibutse ko ico gikorane kizomara indwi yose bariko barasenga ,kugira Imana ibashe kugirira neza igihugu c’uBurundi hamwe nabarundi bose muri rusangi.