Amasasu yumvikanye i Bujumbura

0

Amasasu yumvikanye mw’ijoro ryo kuri uwu wa w’Imana muri Karitiye ya Kigobe, mu gisagara ca Bujumbura. Ayo masasu yarashwe n’umuporisi yariko agerageza gutesha abasuma bariko biba ivyuma vy’ukwubaka, muri iyo karitiye.

Ayo masasu yumvikanye nk’igihe c’isaha cumi n’iminota mirongo itatu z’ijoro, hafi y’ishure nderabigisha ENS.

Mu giporisi bavuga ko batashoboye gufata abo bantu bariko biba ivyuma vyo kwubaka muri Karitiye ya Kigobe.

650