Amasanganya aguma ahitana abantu batari bake mu gisagara ca Bujumbura.

0

Amasanganya yabaye ndanse mugisagara ca Bujumbura aho neza na neza nikw’ibarabara benshi bazi kwizina rya Peuple Murundi akaba ari muri Commune ya Rohero.

IKIZI
Igihe ikinyamakuru canyu cahashika arico Ubmnews cashoboye kwibonera uwo musore akigongwa impari nizo zari nyinshi mugihe uwagonzwe nawe yari yashizwe kuruhande rw’ibarabara yari ataracikana.
Kuko batebeje kumujana kwa muganga kubera impari zabaye nyinshi uwomusore yaciye acikana atarajanywa kwa Muganga.
Twobamenyeshako igipolisi caje gushika ibaba vyamaze kuza abanyagihugu bashoboye kutubwira y’uko impanuka nkizo ahanini ziva ku bantu bagendesha imiduga canke amamoto ngo usanga bataramenyera amabarabara.