Amakuru yihuta adasanzwe agezweho : Nguku kano kanya muko vyifashe mu Burundi ! Raba hano

0

Nyuma yaho Gen. Maj Godefroid Niyombare atangarije ko ubutegetsi bwa Perezida Nkurunziza bwahiritswe, abantu benshi bakora imyiyerekano barashimira inzego z’umutekano.

general

Ngibi hano ivyaranze uyu munsi.
1. Abakora imyiyerekano buguruye inzu yari ifungiyemwo abari barafatiwe mu myiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca 3 ca Petero Nkurunziza.

2. Umutekano mu gihugu cu burundi kugeza ubu wongerejwe cane bimwe bikomeye kuburyo buri modoka yose ica munzira ibanza gusakwa kugirango barabe ko atabirwanisho birimwo.

3. Radio RPA yari yarafunzwe na Leta ubu iza yamaze kwugurura, kano kanya irumvikana mu gihugu cose.

3-507

4. Amakuru ariko aradushikira hano kuri UBM News avuga ko i radiyo y’igihugu na televiziyo vyamaze gufatwa n’inzego z’igisirikare.

5. Imwe muri Radiyo vyumvikana ko yari iyubutegetsi bwa CNDD-FDD ( Rema FM ) kano kanya yamaze gusha, ubu ntiriko irumvikana (Abayituriye ntibaramenyekana )

6. Ikibuga ci ndege i Bujumbura kugeza ubu kirugaye, nta ndege nimwe irekuriwe kwururukira murico ( Abasirikare bahacungeye mu buryo budasanzwe kandi ni benshi cane )

7. Petero Nkurunziza vyari vyitezwe ko amanuka i Bujumbura uyu munsi, kano kanya vyahindutse kuko ubu yaciye afata indege imushikana muri Uganda ( Campala )

UBM News tubandanya tubashikiriza amakuru agezweho y’ibiriko biraba mu Burundi , mubandanye mudukurikirana.

rtnb
Radio y’igihugu iracungerewe kano kanya nabasirikare.

rema
Radio Rema FM iriko irasha.

abari_bafunzwe
Abanyagihugu nibo bafunguye abari bafunzwe bazira kwiyamiriza ikiringo ca 3 ca Petero Nkurunziza.

2-655

1-749