UBM News ads

Amakungu asabwa guhagarika infashanyo baha intwaro ya CNDD-FDD-Liberat Ntibashirakandi

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Prof Libérat Ntibashirakandi avugira umuhari MAP-Burundi Buhire yemeza ko bagiye kwigisha ibihugu vya Bulayi bihagarike infashanyo biha intwaro ya CNDD-FDD yica,igahonyanga agateka ka zina muntu.

Uru n’urugamba opposition itanguje harimwo no gukoresha umuheto mu gusenyura intwaro ya CNDD-FDD.

Hari kuri uyu wa gatandatu ku cicaro c’ubumwe bwa bulayi I Bruxelles mu bubiligi aho abatavuga rumwe na Leta ya CNDD-FDD bari mu buhungiro bahuriye hamwe mukurabira hamwe icokorwa mu gushayura igihugu inyuma yaho CNDD-FDD itunganije amatora yinkinamico yo kuwa 5 ruheshi 2025.

Abo batavuga rumwe na leta ya CNDD-FDD bemeza ko ayo matora yaranzwe n’ubusuma bukabije bitari bwabeho.

Inzira zo gukuraho CNDD-FDD

Nkuko vyashikirijwe na libérat Ntibashirakandi yari muri iyo nama yavuze ko hategerezwa kuva inguvu hanze.amakugu asabwa guhagarika gufasha intwaro ya CNDD-FDD yica igahungabanya agateka ka zina muntu.

Aha naho nkuko Liberat ntibashirakandi abishikiriza,avuga ko bagiye kwigisha mu bihugu vya Bulayi bihagarike infashanyo biha intwaro ya CNDD-FDD.

Ikindi nuko nabari muri opposition bari mu burundi babandanya kuganira mu ntumbero yo gushika ku nzira irashe mu gushayura igihugu.

Uwo avugira MAP-Burundi avuga aratunga agatoki ibihugu bimwe bimwe vyemeje ko amatora yagenze neza mu gihe we yemeza ko amatora yabaye 1993 na 2005 ariyo yonyene yatunganijwe neza arimwo n’indorerezi mvamakungu.

Abo batavuga rumwe na Leta ya CNDD-FDD bakaba bavuga ko atayindi nzira isigaye atari umuheto kuko inzira zindi zose zanse.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments