Amagara – Petero Nkurunziza ngo ntameze neza mu mutwe

0

Umukuru w’igihugu c’uburundi kuri uno mwanya ngo ubwenge bwiwe bushobora kuba butamerewe neza, ivyo bikaba bishikirizwa na bamwe bamwe mu bishikira hamwe n’abashitsi bamugendera.

peter
Nkuko Amakuru dukesha abashitsi bagendera uburundi babivuga ngo PETERO NKurunziza iyo ayaga n’abo bashitsi babona umengo sihari, yishura nk’uwutari muri ico kibanza baba barimwo. Abasanzwe bamutegurira uko abonana n’abamenyeshamakuru bamenyesha ko ubu bapima ku kiyiko izo ngendo kuko iyo arikumwe nabo avuga amajambo atapimye.

S’ico gusa mu gihe abarundi bahanzwe n’ibibazo bitandukanye we agapira ntakura ku kuguru, bamwe bikababaza abandi nabo bakabibonamwo akagaye, ariko ngo bivana n’umwanya aba amaze ariko arakora kuko amaze amasaha ashika ane ariko arakora bica bituma aruha cane mu mutwe.

Ivyo bikaba Atari ivyavuba kuko kuva akiri umushikiranganji ataraba umukuru w’igihugu ntiyashobora kumara amasaha ane mu nama nshikiranganji yaca asohoka akaja gukina agapira, eka n’ubu ngo bihora vyanka agasohoka inama nshikiranganji itarahera.

Mwomenya kandi ko Petero Nkurunziza ariwe mukuru w’igihugu wenyene ataratanga ikiganiro ku bamenyeshamakuru mu kiringo c’imyaka cumi amaze Ku giti c’umukuru w’igihugu nkuko bishikirizwa n’ikinyamakuru Buja News.