UBM News ads UBM News ads
Tuesday, June 18, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Amafranga mvamakungu yahora agura igitoro n’imiti agiye kuva mu nkwavu-Evariste Ndayishimiye

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye avuga ko mu gihe umwimbu w’inkwavu woba mwishi bazoca batangura gushorera hanze maze amahera y’agaciro yahora akoreshwa mu kugura ibitoro n’imiti azoca aboneka.Varisto ndayishimiye agasaba abarundi n’imiburiburi kworora inkwavu 5 buri muryango.ibi yabitangangarije mu ntara ya Bubanza kuri uwu wa mbere igenekerezo rya 13 rusama 2024.


Murugendo yakoze mu ntara ya Bubanza muri komine Gihanga,umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yaragendeye aborozi 2 umwe asanzwe yorora inkwavu uwundi ingurube akaba yasanze abo borozi bageze ku ntambwe ishimishije mbere aca atera akamo abanyagihugu kurabirako akarorero keza kuri abo borozi.

Mw’ijambo ryiwe umukuru w’igihugu Varisto Ndayishimiye yagize ati:«Nshaka ko umuryango wose n’imiburiburi uba ufise inkwavu 5 bivua ngo mwese mumaze kuba mworora nta numwe azosubira kuja gusuma urukwavu kuko uzoba arufise muhira hama uce ushora duce duhingura hama duce dushora hanze.y’amahera y’agaciro yo kugura ibitoro n’imiti ace aboneka kuko tuzoba tashoye hanze.»

Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yaratanguje isekeza mu mwaka uheze wa 2023 wo kworora inkwavu mu gihugu cose c’uburundi ariko biboneka ko uwo mugambi utizwe neza kuko abamaze kwitabira ako kamo ko kworora izo nkwavu barahuye n’intambamyi zitari nke harimwo kubura abavuzi bavyigiye bashobora gukwirikirana izo nkwavu.inkwavu zitari nke zarapfuye zihitanywe n’indwara kukubura abazikwirikirana nkuko aborozi batari bakebagiye babishikiriza.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments