UBM News ads
Monday, October 2, 2023
No menu items!
UBM News ads

Amafoto bari gusa ateye isoni ” uwu mu Pastor yafashwe ariko arasambana n’uwundi mugore

UBM News ads

Abantu benshi cane bibaza yuko abakozi b’Imana ko baba arabantu bejejwe ariko siko biri kuko uwovuga ko hari abakozi b’Imana bihamagaye batahamagawe n’Imana ntiyoba abeshe.

Umuvugabutumwa ” Pastor ” wo muri Tanzania yitwa ”Obed Ntimba ” wi kanisa rya Anglikana risanzwe riri mu muji wa Dar es Salaam aheruka gufatirwa kumugore w’abandi muri gesti ari mumipango yoguhava asambana nawe ariko aza gutungururwa n’aba polisi uwo mupango batarawugerako.

Nkuko vyatangajwe n’ikinyamakuru co muri Tanzania ”GPL ” bo bavuze yuko uyo mugabo ko asanzwe afise umugore hamwe n’abana kandi uyo mugore nawe vyarikumwe ko asanzwe afite umugabo bityo bakaba bari bazi neza ko ivyo bagiye gukora vyose ko ari bibi cane.

Uwo mugabo nuwu mugore bose bamaze gufatwa bahise bajanwa kubiro vyi gipolisi kugirango bavuge impanvu yicabateye gushaka gukora ico caha Imana yanka.

” Jewe ntabwo nari nfise umupango mubi kuruno mugore , icambere uno mugore niwe yarankenye bityo twahisemwo kuza kuganirira ino muri gesti kuko ariko sanzwe ndabikora no kubandi bose, gusa icantangaje nuko turi mucumba uwo mugore yahise akura impuzu zose asigara ari gusa acatangura kumbembereza ngo dusambane” uko niko uwo mu Pastor yisiguye avuga.

Mu mapica ateye isoni atashimwe ko aja mubinyamakuru yerekana uwo mu Pastor yambaye ipantaro ariko imashini yiwe idafunze, iruhande yiwe naho kugitanda hariho CONDOM .

Inyuma yuwo mu Pastor ahejeje kwisigura, umugore nawe vyarikumwe yahise yerekana message zose uwo mu Pastor yahora umutumira ashaka ko bohurira ahantu kugirango bashimishane mu mibonano mpuzabitsina.

” Uno mu Pastor nagiye iwiwe kugirango nkore akazi mwi kanisa ariko kuva ico gihe yaciye aguma andondera ashaka ko twoja mu rukundo tugatangura kuza turinezareza, kandi yaciye ambwira ngo niyo namwemerera ngo azoca anshira mu mwanya mwiza wo hejuru mwi kanisa ”

Nahora ndanka ariko arambwira ngo nzogende mpure nawe muri gesti kuko ngo niho asanzwe afashiriza nabandi bagore bose kandi ngo i ofisi yiwe niho isanzwe iri, naremeye ndagenda ariko dushitse tutaratangura gukora ikintu nakimwe ako kanya nyene yaciye atangura gukura impuzu, mumufuko naho wiwe ahita akurayo CONDOM, ubwo mbonye bigeze hiyo nanje mpita nkura impuzu zose ariko tutarakora ikintu nakimwe twahise tubona aba Polisi baduturukako.

” Kubwanje ndashimye cane kuko aba ba Polisi nibo bankijije, nahora ndunva inkuru zijanye nuno mu Pastor ko asanzwe afise ingeso zo gusambana nabagore babandi ariko uno musi niho menye ukuri ” uwo mugore niwo yavuze ayo majambo.

Inkuru yuno mu Pastor yababaje abantu benshi cane kandi UBMNews natwe ntivyadushimishije ” ariko wewe uno mu Pastor yafatiwe kumugore wabandi womuhanura iki ? nigiki wo hanura nabandi bakozi b’Imana basanzwe bafise ingeso nkiyo ?

Inkuru yanditswe na Eric Nyandwi → Sources by GPL

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments