Abantu benshi bibaza yuko iyo utwawe n’umusani canke se n’umuririmvyi rurangiranwa, ko kenshi atarukundo nyarwo rushobora kuba hagati y’abakundana ariko k’umuririmvyi Lolilo hamwe ‘umugore wiwe Loliane siko bimeze kuko uravye iminsi bamaranye, bo ubwabo babandanya bereka aba fans babo ko bafitaniye urukundo rukomeye ndetse ko banezerewe n’ukundo rwabo.
Amakuru yizewe UBM News duhabwa na bamwe mubagendana nuno muririmvyi akunzwe cane mu Burundi , bo batubwiye yuko Lolilo hamwe n’umugore wiwe ko akenshi baba barikumwe, haba mubiteramo lolilo aba yakoze hamwe n’ahandi henshi ngo umugore wiwe yama yahashitse, aho ngo ni murwego rwo kumushigikira.
Raba hano amafoto yerekana Lolilo hamwe n’umugore wiwe barikumwe bose bafise umunezero udasanzwe.
Recent Comments