AMACAKUBIRI niyo yibonekeza mu MARERESI y’i Burundi.

0

Amacakubiri niyo yibonekeza mu mareresi y’abarundi nkuko bamwe mu bakinyi b’amareresi b’abarundi bashoboye kubimenyesha ikinyamakuru canyu ubmnews.co mu kiganiro twagiranye nabo.

th

Intandaro nyamukuru ngo nuko usanga iyo hatunganijwe inyigisho z’abakinyi b’abamereresi usanga hariho abakinyi badatumirwamwo kandi bamaze gukora ibikora inka mu gihugu c’uburundi mu bijanye n’amareresi.

Bamwe mubo twashoboye kuyaga nabo bakaba batumenyesheje ko mu Burundi akarenganyo kariho ngo hariho abakinyi usanga binubwa ngo nuko batari mu mashirahamwe atandukanye y’abakinyi b’amareresi.

festicab

Twobamenyesha ko hariko haraba inyigisho z’abakinyi b’amareresi,inyigisho ziriko zibera muri CEBULAC ariko muri izo nyigisho hari abakinyi benshi b’amareresi batatumiwemwo abakora amareresi ku gatwe kabo.