Amabutike afatanye n’amazu agiye kwugarwa kuva itariki 1/3/2021

0

Abarundi batari bake bari basanzwe batunzwe no gucuruza ibidandazwa vyabo mu ma butike afatanye n’amazu yabo yo kubamwo baraganya uko bagiye kubaho.

Aho n’inyuma y’ingingo ya reta y’Uburundi ibicishije ku bushikiranganji bw’intwaro yo hagati burongowe na Gervais Ndirakobuca atazirwa Ndakugarika bufashe ingingo yo kwugara hene izo butike zifatanye namazu yo kubamwo.

Mwitangazo ryavuzwe na Ndirakobuca, ayo ma butike afatanye n’amazu agiye kwugarwa kuva itariki 1 Ntwarante 2021.

Ama butike afatanye n’amazu akaba arwiriye cane mu bisagara vyo mu Burundi na cane cane mu gisagara ca Bujumbura.

None ubwo mubona iyo ngingo izotuma ‘umunwa wose uronka icurya hamwe n’ifaranga mu mufuko’ nk’uko umukuru w’igihugu yabivuze?