Ama radio yoba yugawe ngo Ubwicanyi butagira izina bukorwe atacamira

0

Ibiriko biraba biraboneka neza cane ko hari iyindi ntumbero bifise, ivyo ni nkivyabaye ku musi w’ejo aho imihora hagati yo mu gihugu y’amaradio atandukanye yugawe aho yariko arashikiriza uko imyiyerekano iriko iraba, hakaba kandi haraciwe n’imihora y’ama telephone ikoreshwa nayo ma radio.  Ivyo nyene bikaba vyabaye kuri uno musi wa kabiri w’imyiyerekano aho ama radio ashika kuri ane, Bonesha Fm, Isanganiro, RPA Renaissance Fm bari bashimye gushikiriza abarundi n’amakungu uko ibintu biriko biragenda mu myiyamamazo, ariko bikaba bitakunze kuko isaha zitanu zibura iminota 2 gusa baciye bakurwa muri Studio ya Maison de la Press ku nguvu.

IMG-20150426-WA0075

Inyuma y’ugukora ikosa mu kwemera kureka kumenyeshamakuru abarundi bababwira uko ibintu biriko biragenda nkuko bishikirizwa na Innocent Muhozi arongoye ishirahamwe OPB, haciye haba agacerere, mu masaha y’ijoro ubwicanyi burabandanya mu mice itandukanye y’igisagara ca BUjumbura, aho harashwe abantu abandi baratemwa imipanga bakuwe mu mazu berekanwe na rumwe mu rwaruka rw’imbonerakure.

Bamwe mu banyagihugu bakamenyesha ko imvo nyezina ari ukugira ivyo bibi biriko bikorerwa abarundi bibandanye gukorwa mu gacerere ata wundi agira ico avuga. Ivyo bikaba bishigikirwa yuko i radio nka REMA FM ishigikiye ubutegetsi ibandanya ishikiriza uko biriko biraba kandi harimwo n’amajambo y’uguteranya hamwe n’amacakubiri aguma avurwa.

IMG-20150426-WA0079 IMG-20150426-WA0078 IMG-20150426-WA0077 IMG-20150426-WA0076